IJAMBO RY’UKWUGURURA UMWAKA W’UBUTUMWA 2016-2017

«URUGO RUKRISTU NI ISHURE    RY’UKWEMERA N’UKUMENYESHA  INKURU NZIZA»

Bakristu bavukanyi, gihugu c’Imana nkunda, sangwe ingo zubakiye ku Mana, zirangwa n’urukundo, iteka n’ibanga bivyara akanyamuneza mu muryango no muri Ekleziya (A. L., n. 1).

Sangwe ingo zugurukira ubuzima, zikarondoka ku buryo bwiza, ziyumvira kazoza k’ibibondo n’indero yavyo. Bavukanyi nkunda, ni akanyamuneza kuri jewe, ku basaserdoti, ku bihebeye Imana n’abakristu bose ba Diyoseze Rutana kubona dushitse kuri uyu musi turamutse twugurura icese umwaka mushasha w’ubutumwa w’2016-2017.

Mur’uyu mwaka turangije twazirikanye iciyumviro ngenderwako kitubwira ko“Urugo rukristu rwugurukira ubuzima,rukitwararika indero y’abana”.

Twaragiciye hirya no hino, turakizirikana, turaronka inyigisho nyinshi zigishimikiyeko, turigira n’inama yo kugendera impanuro twagiye turahabwa zikomoka kuri ico ciyumviro.

Mur’uyu mwaka w’ubutumwa dutanguye naho, twashimye kuzozirikana iki ciyumviro nyamukuru ngo: “Urugo rukristu ni Ishure ry’ukwemera n’ukumenyesha Inkuru Nziza”.

Kukaba nkako nkuko mu rugo ariho havukira ubuzima, umwana akahigira ingeso nziza runtu na rukristu, ni muri urwo rugo nyene umwana aronkera, kuva akivuka, ingabirano y’ukwemera bivuye ku mwitwarariko abavyeyi bafitiye ubuzima rukristu bw’abana babo.

Iki civugo c’uyu mwaka, tuzokizirikana mu biringo bitatu nkuko twama tubigenza:

1) Mu gihe c’Ubushikiro na Noeli:«Ukwemera kw’abubatse

      kubonekera mu bumwe n’urukundo rwabo»(A.L. n°120-126                                           

2)Mu gihe c’Ikarema: «Imibano rukristu yitwararika

                                kumenyesha  Inkuru Nziza» (Ac.2,42)

3)Mu gihe ca Pasika:    «Ingo zubakiye ku Mana ni amayogi

                    avukamwo abihebera Imana » ( 1 S. 1, 24-28)

Sinokwibagira kubibutsa ko uyu mwaka ushitse mu gihe ata misi myinshi ihaciye Nyen’ubweranda Papa Fransisko adushikirije inyigisho ishingiye ku ngo n’imiyango, yise Akanyamuneza k’urukundo.

Ni agahimbare kuri Diyoseze yacu kubona turonka inyigisho nkiyo mu gihe nyene natwe tumaze imyaka ibiri tuzirikana ku ngo n’imiryango kandi n’ubu tukiriko.

1.Abavyeyi nibo bamenyeshamana ba mbere b’ibibondo vyabo

Ubwuzure bwa kera, burerekana ko ukwemera ari uruhererekane abavyeyi babwirizwa gushikiriza abana babo, nabo bakazorushikiriza abo bazokwibaruka.

Igihe yabashikiriza itegeko bazogendera, Umukama Imana yabwiye abana b’Israeli ati: « Ayo majambo ndagutegetse uyu musi, azokwame mu mushaha wawe.

Uzoyigisha abahungu bawe, uyababwire igihe uzoba wicaye mu nzu iwawe, uriko uragenda mu nzira, uryamye canke uhagaze» (Dt 6, 6-7).

Mu Bwuzure bushasha umuryango w’i Nazareti uraduha akarorero k’ingene abavyeyi babwirizwa kwakirira abana bahawe n’Imana mu kwemera kwabo kuva bakivuka:

«Yozefu na Mariya bajanye Yezu i Yeruzalemu kumuhereza Umukama nkuko vyanditswe mw’itegeko ry’Umukama ngo: Umwana w’imfura wese azoherezwa Umukama’» (Lc 2, 22-23. 27). Muri ico gihe abana baraheza bagakurana ubuntu, ubwitonzi, ukwemera n’inema y’Imana (Lc 2, 40. 52).

Niyo Umwana ariko arakura, abavyeyi baraheza bakamumenyereza gusenga, kwumva Ijambo ry’Imana no kuja mu bibanza vyeranda nkuko abavyeyi ba Yezu babigenza: «Aho Yezu amariye imyaka icumi n’ibiri, adugana n’abavyeyi biwe i Yeruzalemu nkuko bama babigira ku musi mukuru wa pasika» (Lc 2, 42).

Gutyo rero umwana araheza akigishwa n’ingeso nziza y’ukwemera kw’abavyeyi. Na Papa Fransisko aremeza ko urugo rubwirizwa kuguma ari ikibanza umwana yigiramwo ukwemera, gusenga no gusukurira benewabo.

Ni ikibanza umwana yigiramwo kubona ibituma n’ubwiza bw’ukwemera.

Mu ndero batanga, ni vyiza ko abavyeyi boza baributsa abana babo kuramutsa Yezu na Bikira Mariya. Ingendo ben’iyo irafasha umutima w’ikibondo guhinduka ugacika ikibanza c’ugusenga (A.L. n°287).

Kwigisha abana ukwemera bisaba abavyeyi kuba bizera Imana mu buzima bwa minsi yose. Bisaba abavyeyi kwama bariko bararondera Imana, kwama bayinyotewe, kwama bayihaya, bamenyesha ibikorwa vy’agatangaza yagize (Ps 145) (A.L. n°287).

2.Urugo rukristu rwigishwa Ijambo ry’Imana ngo narwo ruhindukire ruryigishe

Muri Ekleziya, biraboneka ko urugo rukristu ari isakramentu ridasanzwe ry’ubucuti bw’Imana n’abantu. Kwita urugo Ekleziya yo haziko, si ukwihenda, ni uburyo bwo kwerekana ko urugo ruhabwa urukundo na Kristu, rukaba gurtyo umuryango w’abarokowe, uhamagariwe gushikiriza izindi ngo n’imiryango urukundo n’urukiza rwa Kristu (F.C. n° 49).

Kurya na Ekleziya ibigira, urugo rukristu rumenyesha Ijambo ry’Imana rukoresheje ico ruri, hanyuma rukoresheje ivyo ruvuga n’ivyo rukora. Ruraheza rugafasha mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru nziza rukoresheje akarorero k’ingene rubayeho n’ingene rwigenza nk’umubano urangwa n’ubuzima n’urukundo (F.C. n°50).

Urugo rwubakiye kuri Kristu rucika umubano w’urukundo, rugaragarira mu mpande zose zigize ubuzima bw’urwo rugo: gufashanya, kwibarukana urukundo ibibondo mu buryo urugo rwabanje kwicara rukazirikana kandi rukiyumvira kazoza kavyo, guha indero ibereye ivyo bibondo, guharanira amahoro n’iterambere ry’Igihugu, kugarukira ku bagowe, kurangura ubutumwa butandukanye Ekleziya isaba ingo n’imiryango (F.C. n°17).

3.Ibibanza urugo rukristu rumenyeshamwo Inkuru Nziza

Urugo rurangura ubu butumwa bw’ukuba ishure ry’ukwemera no kumenyesha Inkuru Nziza mu bibanza bitandukanye kandi rukoresheje uburyo butandukanye:

a) Urugo rukristu ruhamagariwe kumenyesha Inkuru Nzizahaziko, i muhira: haryabicaye, bateramye, barindiriye ko inkono isha, bariko barafungura, Uburyo rukoreshanta bundi atari igisabisho, ugutega amatwi n’ukuzirikana Ijambo ry’Imana, inyigisho y’Ijambo ry’Imana mu rugo.

b) Urugo rukristu rubwirizwa kumenyesha Inkuru Nziza mu mubano rukristu: mu kubungabunga imigenderanire myiza n’ababanyi, incuti, abagenzi, mu bikorwa bihuza abantu, mu manza, no mu bindi biringo vyose bituma abantu bahurira hamwe.

Nico gituma bibereye ko urugo rwose rwitaba ibisabisho vyose bibera mu mubano rukristu. Abana n’abakiri bato basangiye umubano, rimwe mu ndwi bohurira hamwe ngo basenge canke bigishwe ikatekisimu y’Ekleziya Gatorika bafatiye ku mirwi: abana batarasangira, abitegurira gusangira no gukomezwa muri Mutima Mweranda, imisore n’inkumi bitegurira kwubaka rukristu.

c) Urugo rukristu rutegerezwa kumenyesha Ijambo ry’Imana ku mutumba: mu kuba akarorero keza no mu bo badasangiye ukwemera bari mu yandi madini canke mu bataramenya Imana. Mu kwuzuriza bose hatarabwe ibitandukanya abantu vyaba amoko, imigambwe canke amadini. Umukristu akaba umuco n’umunyu w’isi ahereye ku mutumba.

d) Urugo rukristu rutumiriwe kumenyesha Ijambo ry’Imana muri paruwase: mu kuja mu Nkuka y’Imisa ku misi y’Imana n’iyindi misi bishoboka; mu gufasha kugira abana bigishwe Ijambo ry’Imana; mu kwitaba amahuriro n’amanama y’ingo n’imiryango; mu kuja mu mihari y’ubutumwa; urugo rukristu ruhamagariwe kandi kumenyesha Inkuru Nziza no mu gihugu mu gukuza ingeso nziza ziranga abenegihugu, mu guharanira akaranga, imico na politike bisonera ingo n’imiryango n’agateka kazo bishimikije inyigisho ndoramibano y’Ekleziya Gatorika (F.C.n°44) .

 

e) Urugo rukristu rutumiriwe kumenyesha Ijambo ry’Imana muri Ekleziya yose, mu kwitwararika guhimbaza umusi mpuzamakungungu wahariwe kumenyesha Inkuru Nzizakugira umutima w’ugukwiza Inkuru nziza kw’isi yose, kumenyereza abana ubutumwa bw’Imikangara y’Imana, …

 

4.Ugusenga mu rugo ni Ishure ntasubirizwa ry’ukwemera no kumenyesha Inkuru Nziza

 

Ugusenga mu muryango birafasha abana kubona ko igisabisho kiri n’akamaro kanini nabo bagaheza bagakurana uwo mutima wo gusenga Imana. Nico gituma ibihe vy’ugusenga mu rugo, ibihe vyo gusengera hamwe n’abandi bifise ububasha bw’ukumenyesha Inkuru nziza n’ukwigisha Ijambo ry’Imana gusumba izindi nyigisho zose z’Ijambo ry’Imana (A.L. n°288).

 

Iyo ngendo yo kwigisha Ijambo ry’Imana, no gukura mu kwemera, mu kwizigira no mu rukundo bifasha abavyeyi kuba abashikiriza b’Inkuru nziza b’abana babo, bikanabatuma mbere bayishikiriza abo bose baza bagana urugo, ababanyi, incuti n’abagenzi.

 

Abana bakuriye mu ngo n’imiryango bimenyesha Imana kenshi na kenshi bakurana uwo mutima wo kuba abamenyeshamana (A.L.n°289).

Ingo ben’izo zituma abana bazivukamwo baharonkera ingeso nziza z’ukwemera, ukwizigira n’urukundo, ubugamburutsi, ubutekereji, ubwubashi n’ubwitonzi. Izo ngo ni zo ziheza zikaba n’amayogi yo kwihebera Imana.

5.Dusozere

Bakristu, bavukanyi, turabonye ko urugo rukristu ari ishure remezo ry’ukwemera n’ukumenyesha Inkuru nziza. None twokora iki ngo ingo zose zibe ayo mashure y’ukwemera no kumenyesha Inkuru nziza ? Twokora iki ngo umwe wese mu bagize urugo yumve ko yagize rwiwe iri Jambo rya Paulo Mweranda ngo: “Noba ndagwiciriye ntamemenyesheje Inkuru Nziza” (1Co 9, 16)

 

1. Igisabisho ca mu gitondo no ku mugoroba ntigihare mu ngo

    zacu, imbere yo gutangura ibikorwa, imbere n’ inyuma yo

    gufungura, twame twitwararika kuhashira igisabisho.

 

2. Gusoma no kuzirikana Ijambo ry’Imana mu rugo

3. Guhimbaza amasakramentu

4. Gufashanya guhimbaza ibiringo vy’ubuzima mu 

    gukengurukira Imana haba mu kwibuka itariki y’amavuka,

    umuvunyi, umunsi w’ibatisimu, umunsi w’ubugeni, ...

 

Ese Umuryango Mweranda w’i Nazareti ugizwe na Yezu, Mariya na Yozefu, karorero k’imiryango yacu, botuvugira ku Mana, maze ingo zikabaho zimurikiwe n’umuco wa Kristu.

Back to Top