IHIMBAZWA RY’IYURIZWA MW’IJURU RYA BIKIRA MARIYA

Igenenekerezo rya 15 Myandagaro Ekleziya aho iri kw’isi yose yama ihimbaza umunsi mukuru w’Iyurizwa mw’ijuru ry’Umuvyeyi BikiraMariya. Muri Diyoseze ya Rutana uwo munsi mukuru wahimbarijwe ku Kirimba ca Bikira Mariya ku Rugeregere muri paruwase ya Kiguhu, aho nyenicubahiro Umwungere wa Diyoseze ya Rutana ari kumwe n’abasaserdoti batari bake bari bahishikiye.

Patiri Augustino aharangurira ubutumwa yabanje guha ikaze abashitsi. Mu Nkuka y’Imisa, Umwungere wa Diyoseze Rutana yaribukijeabakristu ko Bikira Mariya yurijwe mw’ijuru umubiri n’umutima. Yagize ati «kuva mu ntango Ekleiya yagiye irategera ko Bikira Mariya amaze gusozera urugendo rwiwe rwo kur’iyi si, umubiri wiwe ntiwaboreye mu cobo yarurijwe mw’ijuru umubiri n’umutima». Icokinyegezwa gikomoka kw’iteka yiterewe n’Imana kuva ataranasamwa kuko yamutegurira kuzoba Nyina w’Umwana wayo.

Mur’iyo nkuka ya Misa barasabiye abahuye n’isanganya muri paruwase ya Kiguhu yabaye mu kwezi kwa kane bavuye mu butumwa muriDiyoseze ya Gitega. Twobamenyesha ko abakristu isinzi bari bavuye mu ma paruwase yose ya diyoseze ya Rutana bari bakoraniye aho kukirimba c’umuvyeyi wacu Bikira Mariya.

SylvestreMANIRAMBONA

 

Mgr Bonaventure NAHIMANA
Eveque de RUTANA 
B.P: 45 RUTANA-BURUNDI 
Tel: 00257 7947735
        25722 505118
Mail: nabimanah@yahoo.fr
        info@diocese-rutana.bi

        
 

Back to Top