IHEZAGIRWA RY’ISENGERO NSHASHA YA GITANGA (Paroisse RUTANA)

« Ingoro y’imana yegeranya abakristu »

Hari kuri uyu wa gatandatu igekerezo rya 2 Ruheshi 2018. Niho umwungere wa Diyoseze Rutana Musenyeri Bonaventura NAHIMANA yahezagira icese isengero y’igisata ca Gitanga, gushik’uyu musi gikukira Paruwase Rutana, mugabo mu misi iri imbere kizovukamwo i Paruwase igira 14 ya Diyoseze Rutana. Ni kuri uyo musi nyene hari haramutse hatanngwa ikonfirmasiyo ku bana bo muri Segiteri ya Butare ihuza ibisata vya Gitanga, Butare Mukobe na Rumonyi iriko iriko iramenyerezwa ngo ibe igisata cigenga. Abakristu izinzi bari bitavye ivyo birori. Inkuka y’Imisa yatanguriye ku guhezagira impome z’iyo sengero nshasha, inyuma n’imbere.

Mu nyigisho Musenyeri Bonaventura yatanze kuri uyo musi, yarasavye abakristu kuba inyubakwa nzima ihimbara Imana. Abivuga muri aya majambo ati :

« Mwubakwe na Mutima Mweranda kugira ngo mube ingoro y’Imana. Kuko Isengero, Ekleziya ni iteraniro ry’abantu, abantu bakoraniye hamwe, bakoranijwe n’Imana, bakoranijwe n’ijambo ryayo ni bo bagize Ekleziya. » Tuvuze umuryango w’Ekleziya tuba dushatse kuvuga twebwe abakristu, twatyorowe n’amazi y’ibatisimu tukaba ingingo z’umubiri wa Yezu

 Kristu. Iyi ngoro y’Imana iboneka, itwibutsa iyindi ngoro itaboneka y’umutima wacu aho Imana ishima kwibera, twebwe nyene tukaba ingoro y’Imana kubw’ububasha bwa Mutima Mweranda yagereye mu mitima yacu. Iyi ngoro y’Imana n’iyizoza iratwegeranya nk’abana b’Imana, nk’abakristu, kugira ngo muhimbaze ibinyegezwa vy’Imana vy’Imana, kugira ngo muhimbaze amasakramentu y’ubuzima. Kugira ngo mwakire kandi muzirikane Ijambo ry’Imana. »

Yaciye abandanya inyigisho yiwe ayiroresha cane cane ku bana bagomba baronke Isakramentu ry’ikomfirmasiyo mu kubigisha yishimikije ibisomwa vy’igihe Mutima Mweranda yaza ku batumwa, aho yasanga bakoraniye hamwe, maze bakaharonkera ingoga n’inkomenza zo kuja kumenyesha Inkuru Nziza y’urukiza.

Akanyamuneza k’uyo musi ntikarangiriye mw’isengero gusa, karabandanije no mu gatutu abakristu b’i Gitanga bari bateguye, aho babandanya bakenguruka ingabire y’Imana; bafise n’umwizero w’uko vuba Gitanga izoba Paruwase Paulo Mweranda ya Gitanga.

 

                                                       Abbé J.Berchmans MANIRAMBONA

Back to Top