ITANGWA RY’UBUSASERDOTI MURI PARUWASE YA KIVOGA, KU WA 17/07/2021

   IBISOMWA

  • Igisomwa ca mbere: Yer. 1, 4-9
  • Izab. 22(23) 1-2a, 2b-3, 4,5,6.
  • Igisomwa ca kabiri: 2 Kor. 6, 1-10
  • Inkuru Nziza: Yoh. 17, 6.14-19

“Bagire beranda mu kuri, kuko ijambo ryawe ar’iry’ukuri” (Yoh 17,17).

Bavukanyi Basaserdoti,
Bavukanyi mugira mwatirwe mw’Ibanga ry’Ubusaserdoti n’Ubudiyakoni
Bavukanyi mwihebey’Imana
Bakristu bavukanyi  
Gihugu c’Imana,

1. Ibanga ridukoranije rirahambaye,Umukama agira ahezagire, yatire atagatifuze aba yitoreye ngo  abashushanye na Yezu Kristu umusaserdoti w’agakura kandi w’intahava. Umusaserdoti yatirwa kuko yatowe n’Imana, kugira ngo abe uwundi Kristu, ase na Kristu, maze mu guhereza amabanga meranda kw’izina rya Kristu, abe ari Kristu we nyene ubwiwe yirangurira igikorwa ciwe. Araronka ubutumwa bwo kuba ikimenyetso kiboneka, akaba nk’Isakramentu rimenyesha Kristu rikongera rikamushikiriza abantu. Vyongeye kandi, Ko Yezu yashatse ko igikorwa ciwe co gukiza abantu kirangukira muri Ekleziya, umusaserdoti arangura ubutumwa bwiwe aburangura kw’izina ry’Ekleziya. Bikamusaba rero kuzigama ukwemera kw’Ekleziya, kwiyumvira no kwigisha kumwe n’Ekleziya, gusukurira abantu kumwe n’Ekeziya, muri Ekleziya, kandi kw’izina ry’Ekleziya nyene. Mwebwe gihugu c’Imana muri ngaha, mwaje kuba ivyabona vy’ico gitangaza Imana igira ngo irangure mu mutima no mu buzima bw’aba bavukanyi.

2. Aba batirwa Imana ni yo yabitoreye mu mugambi wayo w’urukundo: “Imbere y’uko ndakurema mu nda y’uwakwibarutse nari ndakuzi. Utaranavuka, narakwitoreye, ndakugena ngo ube umuhanuzi w’amakungu” (Yer. 1, 5). Umw’umwe wese Imana yamutoye mu muryango avukamwo, ni co gituma abavyeyi, abavukanyi, incuti n’abagenzi muri ngaha ngo mubashigikire mwongere mubasabire. Iyo Mana yabatoye muri mwebwe, ikabagenera igikorwa ceranda, niyo ibasiga amavuta meranda ngo bamane akamotera kayo. Ni yo ibatuma biroreshako aya majambo : “Uwuri Imana akaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu n’ahezagirwe, kuko ari We yaduhezagirishije imihezagiro y’ubwoko bwose mu vy’ijuru muri Kristu, nk’uko yatwitoreye muri We isi itararemwa, ngo tube beranda kandi ntitugire amahinyu imbere yiwe mu rukundo” ( Ef. 1, 3-4).  Kuva uyu musi,  murababonamwo abasuku b’Umukama, batowe n’Imana, ngo basukurire igihugu c’Imana.

 3. Paulo Mweranda arerekanye mur’iki gisomwa ca kabiri ingene umutumwa wa Yezu Kristu yininahaza kandi akishimagiza nk’umusuku w’Umukama. Ica mbere yitwararika n’ukudapfisha ubusa inema yahawe n’Imana mu kwirinda kugira uwo atsitaza no mu kantu na gatoyi, kuko vyotuma ubutumwa bwiwe bukengerwa (2Kor. 6, 1.3). Akamana umutima rugabo ntahungabanywe n’ibimugora canke n’ibimubabaza: “ Muri vyose turishimagiza twebwe nyene nk’abasuku b’Imana, mu kwama dufise umutima rugabo mu magorwa, mu marushwa, mu magamya, mu nkoni, mu mabohero, mu migumuko, mu buruhe, mu kurara maso, mu kwirirwa ubusa”  (2Kor. 6,4- 5). Nkako, arazi neza ko Umutumwa w’Umukama atabura ibimugora. Ibanga ry’ubusaserdoti ntirihagaze ku  bubasha bw’umuntu, buhagaze ko yatowe n’Umukama nyen’ububasha, agahamagarirwa kumuyagira  no kumwumviriza mu gisabisho ngo anywane n’Imana, atahure Ijambo ryayo, amenye ico Imana imushashako n’ico igomba kumutuma. Mu gihe Yeremiya yagira ngo ntiyorangura ibanga ry’Ubuhanuzi  ko atazi kuvuga,  ngo aracari umwana, Imana yamubwiye iti: “Ntugire ubwoba imbere yabo, ndi kumwe nawe ngo ndakurokore” ( Yer. 1, 8). Aba bavukanyi baragumana umutima rugabo haba mu cubahiro canke mu gakengerwe, mu mvugo mbi canke mu mvugo nziza, muri vyose ububasha bw’Umukama abe aribwo bwiserura, bwibonekeza mu magara make yabo.

4. Imana yabatoye irabazi na bonyene barumvise  ryayo ribahamagara bararyitaba mu gushikikiriza, iciyumviro cabo co kwitegurira iri banga. Nkako.  “Nta muntu yiha iryo teka, ariko arihamagarirwa n’Imana, nka kumwe kwa Aroni (Heb. 5, 4). Iteka ryo kuba umusaserdoti riva ku gushaka kw’Imana iha uwo yishakiye ingabirano idasanzwe yo gushobora kwakira aya mabanga ahambaye yo kuyibera umusuku n’icariho mu gihugu cayo. Ekleziya nayo yarakiriye icipfuzo cabo, irabaha umwanya ukwiye n’abarezi babakurikirana, na bo baremera kuja kw’ishule rya Yezu ngo abategurire igikorwa c’ibanga bagira batirirwe mu kubaremamwo umutima nk’uwiwe, ukundana, wihebera abandi, kandi ugamburukira Data.  Aha tubatira kuko bo nyene  bakavyiyemereye kandi bakabishirako n’indahiro, umwe wese akavyivugira ati: “ Ndamenyesheje abanyumva ko ata gahato namba bangiriye, kandi ko atari agatsindikiro kantumye nsaba iryo banga ryeranda, nta n’akoba kanzinze ngo kambuze umwidegemvyo wanje mu kurisaba. Nje riho wese, n’ugushaka kwanje kwose, kuko numva kandi niyumvira ko Imana impamagara”.

5. Mu Nkuru nziza y’ Umukama  dushikirijwe Yezu aratweretse ko ubutumwa aba bavukanyi bagira batorane butoroshe kuko we nyene  asabira abigishwa biwe n’abo bose bazokwemera kubera inyigisho yabo. Ubwa mbere, abwira Mana Data ko avuye kw’isi ariko bo abasize kw’isi, isi y’umwijima, irimwo urwanko, ibigeragezo n’imigozi y’inabi iboshe abantu, isi ishobora kubanka kuko mutari abayo. Ivyo  ni mubimenye,  mwame mugavye, ngo muhangane nayo ntibatware mu vyayo, mube  umuco mu mukorane w’iyi si, mugendere mu muco, mube abana b’umuco. “ Ntimukunde isi, n’ivyo kw’isi nyene, uwukunda isi, urukundo rwa Data ntiruba ruri muri we. Kuko ivyo kw’isi vyose- ivyipfuzo vy’umubiri- ivyipfuzo vy’amaso- n’ubwishime mu migenzo- bitanduruka ku Mana ariko vyanduruka kw’isi. Kandi isi izohera be n’ivyipfuzo vyayo, ariko uwukora ico Imana ishaka we, yamaho mu myaka yose” (1Yoh. 2, 15-17) nkuko umutumwa Yohani abitubwira. Ubwa kabiri, abasabira ngo Data abarinde akabi. Muririnde akabi, inabi yose ihumanya iteka mugira muterwe, igatuma n’ubutumwa bwanyu bukengerwa kandi bugatosekara. Hagati y’abantu batirinda kabi mweho murasayangana nk’inyenyeri mw’ijuru Kugira ngo mube intahinyuka n’aberanda, abana b’Imana batagira agatosi (raba  Ph 2,15). Ubwa gatatu, Yezu yabasabiye ko Data abagire beranda mu kuri. Ico ni nk’gisabisho co kwatira abo agiye kurungika, kuko Umukama Yezu ashaka ko Imana ibakura mu vyabo, ikabihariza, ikakubabera vyose,  ikabaha kubera ibanga ryeranda batorewe. Ntimwigere rero mwemera gukorera ikindi atari Ukuri kw’Imana, Ukuri kwa Yezu Kristu, ukuri kw’Inkuru nziza, kuko mwoba muriko murapfisha ubusa inema mwahawe n’Imana. Ukuri mwakiriye kandi muhamagariwe kugenderamwo no gushikiriza abantu si urutonde rw’ivyiyumviro bihanitse, ni Yezu Kristu, We Kuri, akaba ari we Nzira n’Ubuzima (Yoh. 14,6). Uwo Kristu mwamenye kandi mwakunze, niwe muzoshingira intahe, mutamuvirira, ni we azokwama ababera insiguro n’ishimikiro ry’ico muri n’ico muhamagariwe kurangura.

6. Umusaserdoti ntahamagariwe gutegeka no kuganza, ahamagariwe gusukurira abandi (raba 2 Kor.1, 24). Muhamagariwe kuba akarorero hagati y’igihugu c’Imana mu kwemera, mu kwizigira no mu rukundo. Murondere gusa na Kristu, ni we mushinzwe guserukira no gushikiriza abantu.  Na ntaryo mwitwararika ibi bintu bitatu ngo mugume mwubaha ibanga ryanyu kandi murirangurana ukwicisha bugufi :

  • Amabanga muzohereza kuri Altari si amabanga y’iwanyu, ni amabanga ya Kristu yihereza Data kubw’urukiza rw’abantu, namwe mukihereza hamwe nawe no muri We. Mwame murangurana icubahiro ayo mabanga, mutigera muyamenyera ngo muhave mwimenyera.
  • Ijambo muzoshikiriza si iryanyu, ni Ijambo rya Kristu, Ijambo ry’Imana. Mwigishanye icubahiro, mwigisha ukwemera kw’umuryango w’Ekleziya, mu bugamburusti mufitiye Imana.  Ubugamburutsi butuma Umusaserdoti agenza nka Kristu ati “ Ntibibe nk’uko jewe nshaka, ni bibe nk’uko Wewe ubushaka” (Lk 22, 42). Mu butumwa bwiwe, Umusaserdoti ntiyimenyesha we nyene, amenyesha Imana nzima yihishuriye abantu muri Yezu Kristu Mukiza w’isi, akaba ariwe Jambo ry’ubuzima.
  • Igihugu murungitswemwo, kandi namwe murimwo, si icanyu, ni igihugu c’Imana. Ico gihugu mushinzwe kwigisha, kuyobora no gutagatifuza, ni umuryango Kristu we nyene yegeranije, ntimukigire rwanyu, muragifashe nyabuna kumenya ico Imana ishaka, no kukirangura, maze “ muragire Ekleziya y’Imana, Ekleziya yaguzwe amaraso yayo bwite” (Ibik. 20, 28).

7. Umusaserdoti ahamagariwe kuba umwungere mwiza yiyegereza intama zatakaye, izazimiye, izikumira canke zikura mu murongo w’izindi, adatinya guhandwa n’amahwa y’uruvugo canke kunebagurwa, atagira ishishi ryo gushira ku bitugu izitakibasha gutambuka, n’ukugira umutima wugurukiye bose. Ubutumwa bw’umusaserdoti busaba ukwigora kwinshi, ukwihangana kwinshi, cane cane urukundo rwinshi. Nka Kristu murasigwa, ngo musangire ubusaserdoti nawe, mushobore kuvuga nkawe muti: “ Umutima w’Umukama uri kuri jewe, kuko yansize ngo mburire Inkuru nziza aboro, andungika gukwiza mu baboshwe ubukiriro, mu bahumye ngo bazohumuke, kurokora abababaye, n’ukumenyesha umwaka mwiza w’Umukama” (Lk 4, 18-19).

8. Ni mugende mugire nkawe, nk’abasizwe na Mutima, mushikirize Imana n’ivyiza vyayo abantu, mubamenyeshe Inkuru nziza y’urukundo, bamenye ko Imana ibakunda, baheze bige kuyikunda no gukundana hagati yabo. Gende mumenyeshe abantu bose aho ubukiriro buri: mu guheba ibicumuro, mu kubigaya, no mu kugaruka kwakira ikigongwe c’Imana. Nk’uko Kristu yasenyuye uruhome rw’urwanko rwatandukanya Abayahudi n’Abagreki, akabagira igihugu kimwe c’amahoro (Ef 2, 14), niko namwe mutumwe gusenyura uruhome rutadukanya abantu, rugizwe n’ivyo vyose abantu bitwaza mu kwankana no mu gukumirana, muheze mubegeranirize mu muryango w’ubumwe muri Ekleziya y’Imana. Niko Imana ibabwiye nka kumwe yabwira Yeremiya: “Ehe uyu musi ndaguhaye ububasha ku makungu no ku bwami, bw’ukurandura n’ugusitura, ugutikiza n’ugusenyura, ukwubaka n’uguteragira” (Yer. 1, 10). Murungitswe kurandura, gusitura no gutikiza ubwami bwa Shetani, burangwa n’urwanko, ishari, amacakubiri, ibiterasoni, ugusenga ibigirwamana, n’ibindi vyose bihumanya umuntu n’iteka ryiwe, mwubake kandi muteragire urukundo, akanyamuneza, amahoro, ubuntu, ukugenza buhoro (Gal. 5, 19-32).

9. Ni mube ico muri mu kuri kandi mugendere mu muco. Mwirinde ubuzima burimwo ikinyoma n’ubwiyorobetsi. Kubera mugiye gusangira ubusaserdoti na Kristu, imigenzo yanyu yose itegerezwa gufatira akarorero kuri we. Navyo bizobonekera ku kwitanga kwanyu kwa misi yose nka Kristu: “ Umwana w’umuntu ntiyaje ngo akorerwe, yazanywe n’ugukorera abandi, n’ukwitangako incungu irokora isinzi ry’abantu” ( Mk 20, 45). Ukwo kwitanga gushoboka mugendeye mu kuri, kandi mukaguma mu muco, mukiyegurira Kristu ataco mwisigarije. Ivyo bituma ata gace na kamwe k’ubuzima bwacu mwihariza, agace katamurikirwa n’umuco w’Ijambo ry’Imana, ubatuma rero mugendera mu muco: “Ng’ubu ubutumwa twumvise kuri We, tukabubamenyesha: n’uko Imana ari Umuco, kandi muri Yo hatagira umwijima n’intete. Tuvuze yuko dusangiye na Yo, tukagendera mu mwijima tuba tubesha, kandi ntituba dukora ukuri” (1Yoh.1, 5-6).

10. Abasaserdoti bakuru banyu mugiye gusangira ubutumwa n’ubuzima, none ni mugende mujanye umutima mwiza, mujanye igisharara co gukora ubutumwa neza, bakuru banyu nabo babakire neza, babamenyereze, namwe mubumvire. Hamwe nabo mugire umuvukano w’abavandimwe wibonekeza mu bikorwa vyo gufashanya mu vy’umutima n’umubiri, mu butumwa, mu nama no mu gusangira ubuzima, ibikorwa n’urukundo (L.G 28). Umuryango w’Ekleziya ukeneye abasaserdoti bashize hamwe, bazi ko basangiye ibanga n’ubutumwa, baguma bibuka Ijambo ry’Umukama: “ Urukundo muzokundana ni rwo rubobarangira bose ko muri abigishwa banje” (Yoh. 13, 35).

11. Igihugu c’Imana kibitezeko ivyiza vyinshi, kirabasabira, kandi kirabashigikiye. Murakibera abasuku b’intahemuka. Muracamanira igishika naco kibabere agahimmbare n’urugori_(raba Fil4,1( Igihugu c’Imana ni co mwatirirwa, nta n’umwe yatirwa ku bwiwe. Muragumane igihagararo kizima, abakristu bababonemwo abavukanyi n’abavyeyi, abantu b’Imana. Nka Kristu mugire muti “naje ngo intama zironke ubuzima, kandi ubuzima bwuziye” (Yoh. 10, 10). 

12. Ese Umuvyeyi Bikira Mariya, Umuvyeyi wa Yezu Kristu-Musaserdoti Mukuru kandi w’Intahava, akaba Umugabekazi w’Abatumwa, yokwama aturera twese ngo tubashe kuzigama muri twebwe ishusho y’Umwana wiwe, dukorere Imana muri Ekleziya-Muryango wawo mu rukundo no mu bweranda.  Mwese kw’izina rya Data, n’irya Mwana, n’irya Mutima Mweranda. Amen.

 

       †Bonaventure NAHIMANA
Umwungere wa Diyoseye RUTANA

 

Mgr Bonaventure NAHIMANA
Eveque de RUTANA 
B.P: 45 RUTANA-BURUNDI 
Tel: 00257 7947735
        25722 505118
Mail: nabimanah@yahoo.fr
        info@diocese-rutana.bi

        
 

Back to Top