ABATUMWA BASHASHA MURI PAROISSE GAKOME

Imisa yo gushikiriza abasaserdoti bashasha ba paruwase Gakome, yabaye kur’uyu w’Imana, igenekerezo rya 16/9/2018. Iyo misa yaherejwe n’umwungere wa Diyoseze ya Rutana. Abasaserdoti bashikirijwe iyo paruwase akaba ari Patiri Liberato NIYONGENDAKO, patiri mukuru, na patiri Benedicto KABURA icegera ca patiri mukuru. Abasezerwa ni patiri Melance KAYOYA yahora arongoye iyo paruwase na patiri Joseph BIZINDAVYI yahora ari icegera ca patiri mukuru.

Imisa yahereye ku rugendo, imbere yuko imisa itangura patiri Melance yarahaye ikaze umwepiskopi n’abar’aho bose yongera amusaba kurongora ico gisabisho c’inkuka ya misa.

Mu nsiguro y’Ijambo ry’Imana ry’uwo munsi,umwungere wa diyoseze ya Rutana yarasavye abakristu ko bokwama bishimikije Umukama kuko muri buno buzima bwo ngaha kw’isi hari vyinshi bitugora n’abatugora. Yarongeye kandi arasaba abakristu ko ukwemera kwabo kwobonekera mu bikorwa : mu kuba abanyakigongwe mu gukora udukorwa tw’urukundo nkuko vyanditswe mw’ikete ryandikiwe Yakobo. Mu nkuru nziza Yezu yerekana ko bidahagije kumwemera, ahubwo uwushaka kumugendanira abanza kwemera kwiremeka umusaraba wiwe agaheza akamukurikira.

Inyuma y’insiguro haciye hakurikira umugirwa wo gushikiriza patiri mukuru mushasha. Yabanje gupfukama imbere y’altari aragaragaza ukwemera kwiwe mu gusubiramwo inama y’abatumwa.

Umwepiskopi yaciye amushikiriza istola yerekana ububasha afise bwo kuyobora, kwigisha no gutagatifuza igihugu c’Imana.

Yarashikirijwe kandi imfunguruzo z’isengero, n’urufunguruzo rw’itaberenakulo.

Ivyo biheze yaciye aja kwicara mu ntebe ya penetensiya, ikimenyetso c’uko ategerezwa kwumviriza no gushikiriza ikigongwe c’Imana abakristu, ari mu cemerezo atarambirwa. Ikimenyetso canyuma yahawe ni ikengeri. Iyo ivugijwe abakristu baca bamenya ko abahamagaye ngo baze gusenga, umwungere aca aramumenyesha ko ubwo butumwa azobifashanya na patiri Benedicto KABURA.

Imisa igira irangire habandanije amajambo y’urwo rubanza, uwuserukira umuryango w’abakristu yarakengurukiye Imana yama yitwararika gutunganiriza umuryango w’Ekleziya. Arakengurukira umwungere wa Diyoseze ya Rutana ku mwitwarariko afitiye paruwase ya Gakome, ati twebwe abakristu ba gakome turakengurukiye abasaserdoti twahorana ku vyiza vyose Imana yatugabiye ibaciyeko. Barasezeye umubikira yahahora  bongera barakira uwuje kumusubirira bongera babakengurukira. Uwafashe ijambo ubwa kabiri ni Patiri Joseph BIZINDAVYI, akengurukira Umwungere wa diyoseze ku butumwa yamuhaye, akengurukira abakristu ati kandi ndabasavye ikigongwe kuvyo ntashoboye kubatunganiriza, aca arakenguruka n’ingabire bamuhaye. Irindi jambo ryashikirijwe n’uwahoze ari Patiri mukuru wa paruwase Melance KAYOYA, akengurukira ko yari yamwizigiye mu kumushinga kurongora paruwase Gakome, arakengurukira patiri Joseph bafashanije ubwo butumwa, arakengurukira ababikira bene Mariya bakorana ubutumwa, abamenyeshamana eka n’abakristu bose anasaba imbabazi kur’aho hose atavyifashemwo neza mu kubakebanura.Uwafashe ijambo ubwa kane ni patiri mukuru mushasha, Liberato, akengurukira umwungere yamwizigiye be na patiri Benedigito akabatuma kuyobora no gutagatifuza igihugu c’Imana ca Gakome,yongera arasaba abakristu ko bobakundira bagasangira ubutumwa.  Yarakengurukiye abasaserdoti bahahora ku butumwa baranguye.

Umwungere wa diyoseze nawe mu gusozera yaripfurije umugisha w’Imana abasaserdoti bahahora, agira ati Imana ibaherekeze iyo muroye mwese yongere ibazigame. Mboneyeho no gukengurukira aba basaserdoti bemeye bakaza ngo musangire ubutumwa, ati ndabasavye muze mubagamburukire muvyo bazobasaba. Yarakengurukiye ababikira bene Mariya mu kwitanga kwabo mu butumwa, aca abasaba ko boshishikara bakorana neza n’abasaserdoti kugira ngo umuryango utere uja imbere.Yarakeje umuryango w’abakristu ku ngabire y’umusaserdoti baraye baronse NITUNGA Lauriyano, ati kandi muraronse umufaratiri aje kwimenyereza ubutumwa muri paruwase iwanyu, muramufashe, mumusabire, mumurinde ibimusamaza abandanye neza inzira Umukama yamuteguriya. Yarangije asubira gukengurukira abakristu bose ati Imana yame ibaronsa ivyiza mukeneye. Haciye hakurikira agatutu aho basozereye Umwungere abarungikana umuhezagiro w’umuvyeyi.

Fratri Jean de Dieu GAHUNGU.

       

 

 

Mgr Bonaventure NAHIMANA
Eveque de RUTANA 
B.P: 45 RUTANA-BURUNDI 
Tel: 00257 7947735
        25722 505118
Mail: nabimanah@yahoo.fr
        info@diocese-rutana.bi

        
 

Back to Top