IHWANIRO RY’URWARUKA RWA DIYOSEZE RUTANA MURI PARUWASE YA MPINGA

Iryo hwaniro ry’urwaruka ryatanguye ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 24/7/2018, ritangurwa n’Inkuka ya Misa, yaherejwe na nyakubahwa patiri mukuru wa paruwase ya Mpinga, aho yipfurije ikaze abaje mur’iryo hwaniro bose. Iryo hwaniro ryarangiye ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 27/7/2018, rirangizwa n’Inkuka ya Misa yaherejwe na nyakubahwa icegera c’Umwungere wa Diyoseze ya Rutana Musenyeri Leonidas NTAKARUTIMANA.

Abafashe amajambo mu nkuka ya misa ni : Patiri mukuru wa paruwase Mpinga, aho yashimiye  urwaruka rwitavye ihwaniro, abavyeyi babakiriye, abatunganije iryo hwaniriro ku rwego rwa diyoseze biyumviriye ko ryobera ngaha ni bashimirwe. Uwuserukira urwaruka yarakengurutse ku nyigisho baronse be n’imiryango yabakiriye neza. Uwaserukiye abavyeyi yarakengurukiye abarongoye paruwase mpinga babizigiye mu kubaha ibibondo baha indaro. Hakurikiye ijambo ry’umwibutsamana mu butumwa bw’abalayike Patiri Yohani Berikimasi MANIRAMBONA aho yakengurukiye urwaruka rwitavye ihwaniro eka na paruwase yaringanije neza iryo hwaniro ry’urwaruka. Mu gusozera icegera c’Umwungere wa diyoseze Rutana Musenyeri Leonidas NTAKARUTIMANA, yarakengurukiye Paruwase ya Mpinga, abitavye ihwaniro, ingo zakiriye urwo rwaruka eka n’abatanze inyigisho nyene mur’urwo rwaruka. Imisa irangiye haciye hakurikira urugendo rw’amahoro rwakurikiwe n’agatutu, maze hakurikira umuhezagiro uherekeza abar’aho bose.

Inyigisho zatanzwe :

-Ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 25/7/2018, umutwe w’inyigisho wari « Humura Mariya… » (Lc1, 30). Iyo nyigisho yatanzwe na Patiri Yohani Berikimasi MANIRAMBONA, aho yerekanye ibitera ubwoba urwaruka yishimikije inyigisho ya Papa Francisco ishimikiye kur’iki kibazo : « Mbega rwaruka, muterwa ubwoba n’iki ? ». Mu nyishu  yatangiye ico kibazo harimwo kwumva udakundwa, gutinya ivyo, gutinya ingene bivuye no ku nyifato yacu imbere y’abandi, gutinya abaturaba, gutinya ivyo batuvugako, hari kandi n’ubwoba buva ku gicumuro canke kuvyo twakoze bibi. Kur’ivyo vyose yaciye ahamagarira urwaruka, guhumura nka Bikira Mariya, ntitugire ubwoba kuko Imana iratuzi, iratubabarira kuko iradukunda.

Iyindi nyigisho  « Ni duhurumbire ibituzanira amahoro… » (Rm.14,9), yatanzwe na Patiri Medard NDIKUMASABO, aho yerekanye ibitubuza amahoro. Ivyo navyo bikaba ari ibinyoma kuko arivyo bisambura amahoro. None ni igiki cotuzanira amahoro ? Mu kwishura ico kibazo, yishimikije inyigisho ya Papa Yohani Paulo wa II aho agira ati : « Isi yuzuye imva ariko harimwo imwe ifise agaciro kuruta zose ni imva ya Yezu Kristu ».Niwe yatsinze urupfu atuzanira amahoro, ati kuko aho amariye kuzuka niwe yabwiye abigishwa biwe ati : « Ni mugire amahoro » yarerekanye ko amahoro ari ingabirano, ko ari itegeko dutegerezwa kurangura,ko amahoro ari icamwa ca Mutima Mweranda.

-Ku munsi wa kane 26/7/2018 umutwe w’icigwa wari : « Ni mukundane nkuko nabakunze (Jn.15,9-17), yatanzwe na Patiri Liberato NIYONGENDAKO. Yarerekanye ko umuntu mu gukunda abwirizwa kwikunda we nyene, gukunda abandi, gukunda Imana no gukunda ibidukikije. Yarerekanye ubwoko bune bw’inkundo :

-Urukundo rwubakiye ku nyungu rugaragarira kuvyo umuntu arondera ku wundi

-Urukundo rufatiye ku vyipfuzo rugaragarira ku mutima kurusha mu bikorwa

-Urukundo ruri hagati y’umwana n’umuvyeyi

-Urukundo rwitangira abandi arirwo rukundo Yezu yakunze isi akayipfira kugira ngo ayirokore atanyungu zindi arondera. Ibintu ngombwa bituma dushobora gushikira urwo rukundo : ukwigumya,ubuziranenge,ubuzigamabanga,ubwerentegerwa.

Iyindi nyigisho ni « Urwaruka n’umuhamagaro warwo mur’iki gihe ca none » (Mc.10,17-22), yatanzwe na Mama Renilde NIYOKWIZERA, aho yerekanye ko ukuba mweranda atari ivy’abihebeyimana gusa ariko ko twese duhamagariwe kuba beranda nkuko Data wo mw’ijuru ari mweranda. None twokora iki ngo tube beranda ? Mu kwishura ico kibazo yisunze ivyanditswe mw’ijambo ry’Imana, kugurisha ivyo dutunze, tukabifashisha aboro, n’ukwitwararika ibitunga umuryango w’Ekleziya be n’uguhurumbira amasakramentu.

Twobibutsa yuko imiryango n’urwaruka rwo ku Mpinga rwerekanye umutima wa kivukanyi mu kurindira abavukanyi babo bava muri paruwase za Rutana na Muhweza bari bagize ikibazo kijanye n’uburyo bwo kwiyunguruza gutyo bagashika mw’ijoro.

Naho hari akabeho n’umwijima nticabujije ko barindira gushika abo barindiriye bashike. Ni ivyo gukengurukira umuryango w’abakristu bo ku Mpinga.

   Fratri Délate ININAHAZWE

 

 

Mgr Bonaventure NAHIMANA
Eveque de RUTANA 
B.P: 45 RUTANA-BURUNDI 
Tel: 00257 7947735
        25722 505118
Mail: nabimanah@yahoo.fr
        info@diocese-rutana.bi

        
 

Back to Top