Inyigisho y’Umwungere mu gihe ca karema 2018: “TURABASAVYE KW’IZINA RYA KRISTU NI MWUZURE N’IMANA” (2 Cor 5,20)

Intangamarara

1. Bakristu bavukanyi, gihugu c’Imana nkunda “Ni mugire amahoro”(Jn 20, 19) mu ngo no mu miryango yanyu. Sangwa amahoro n’akanyamuneza duhabwa na Yezu Kristu yababaye, agapfa akazuka hanyuma agatsinda urupfu kugira ngo adusubize ubuzima.

2. Iki ni ca kiringo kiroranye c’Ikarema, co kwisubirako tukegera Imana ngo dusubize hamwe nayo na benewacu, twitegurira kuzuka kumwe na Kristu, Ekleziya idutegekaniriza ku mwaka ku mwaka. Ni umwanya mwiza wo “kugaruka ku Mana n’umutima wacu wose hamwe n’ubuzima bwacu bwose” (Inyigisho ya Papa y’ikarema 2018).

Icivugo ndongorabutumwa c’uyu mwaka

3. Nkuko mubizi, uyu mwaka icivugo ndongorabutumwa gishimikira ku muhamagaro wakirwa, ugatohozwa, ukitabwa mu rugo rukristu. Mukaba muzi ko umuhamagaro wa mbere w’abantu bose ari uwo kuba beranda nkuko Inama Nkuru ya Vaticano ya II ivyigisha: “Muri Ekleziya baba abakuru canke abayoborwa, bose bahamagariwe kuba beranda, nkuko umutumwa Paulo mweranda abivuga ati: “Ico Imana ishaka n’uko mwoba beranda” (1Th. 4, 3; Eph.1,4) (L.G.n°39). Nta kindi cazanye Yezu Kristu, nta kindi catumye ababara, agapfa, agahambwa, hanyuma akazuka atari uko twoshikira igihagararo c’ubweranda kizoduha gusangira na we, na Data na Mutima Mweranda ivyiza vy’ijuru.

Ikarema ni igihe c’urugendo rwo gusubiza hamwe n’Imana

4.Ikarema ni igihe c’urugendo rw’umwizero, rumara iminsi 40 dufatanya na Yezu Kristu, rudutegurira guhimbaza umunsi mukuru wa Pasika, umunsi

mukuru w’urukiza rwacu, umunsi wo kujabuka tuva mu rupfu tukaja mu buzima.  Iyo minsi 40 tumara mu Karema ifitaniye isano n’imyaka 40 abanyisraeli bamaze mu bugaragwa bagenda bagana igihugu c’isezerano, igihe Umukama yari abakuye mu buja bwa Misiri, akabajabutsa ikiyaga gitukura abanje kugikamya. Iminsi 40 ifitaniye isano kandi n’iminsi 40 Yezu yamaze mu bugaragwa ageragezwa na shetani, imbere yuko atangura kwigisha (Mt.4,9).

Natwe bavukanyi, kuva ku munsi wa gatatu w’iminyota twarinjiye mu bugaragwa bw’umutima wacu. Dushaka gufatanya urugendo na Kristu, tudugane na we i Yeruzalemu, dusangire nawe ukubabara, duhambe mu ruhafu rwiwe ingeso mbi zacu (inzira y’umusaraba uburuhukiro bwa 14), tuze dushikire uwo munsi mukuru wa Pasika turi indanga ziranga Imana, abantu bamota ivyiza bikomoka ku Mana muri Ekleziya-muryango wacu.

5.Aho Kristu yatangura kwigisha, yabariye abantu ati: “Igihe cashitse Ubwami bw’Imana buri hafi igarure kandi mwemere Inkuru Nziza” (Mc 1, 15). Paulo mweranda nawe kuko azi neza ko Imana ariyo yasubije hamwe n’abantu muri Kristu, abwira abanyakorenti ati: “Turabasavye kw’izina rya Kristu ni mwuzure n’Imana” (2 Cor.5, 20).  Ikarema rero ije kutwibutsa iyo nyifato nziza yo kwigarura, kwisubirako, kwihana tukihanura, kwemera ibicumuro vyacu, gusaba ikigongwe, kwakira umusaraba wa Kristu, ngo tubambe impengamiro z’ingeso mbi zacu, tubashe kuba beranda n’ukuba abana b’Imana babereye iryo zina. “Kubera ko twese dutirimuka muri vyinshi (Jc.3,2), twama na ntaryo dukeneye ikigongwe c’Imana kandi tugategerezwa gusaba iminsi yose tuti: “N’uturekurire ibicumuro vyacu” (Mt.16,21-22)  (L.G. n° 40).  

6.Turatumiriwe kandi kurangura vya bikorwa bitatu bidufasha gutera imbere mu bweranda: Gusenga, kwisonzesha no gukora ibikorwa vy’urukundo bisahiriza abari mu bukene n’aboro bacu.  Nta mukristu n’umwe rero adakeneye iki gihe c’ikarema. Nanone abarundi barayamaze bati: “Intimenya niyo ntinegura”.  Mu yandi majambo aka ni akaryo keza ko kwegera Imana mu gisabisho, gusubiza amaso inyuma twiyumvira iyo tuva n’iyo tuja, tuzirikana ivyo twemera n’ingene twabiranguye.  Dutsinde inyosha mbi ngo dusubize hamwe na benewacu ubwambere, tubone gusubiza hamwe

n’Imana vy’ukuri. Turakwiye rero kuraba ingene twigenjeje mu buzima bwacu, ivyiza tubikenguruke, ibibi tuvyigaye. Turimbure imigambi twishinze ngo tubashe kuba beranda mu ngo zacu no mu buzima bwacu bwa minsi yose. Dukenguruke ivyiza twagabanye mu ngo zacu, muri Ekleziya muryango wacu. Dushigikire ubutumwa bw’abihebeyimana mu gisabisho no mu bikorwa biboneka, dukomeze n’ubutumwa bw’itorwa, kuko dukeneye  abihebey’Imana aha muri Diyoseze yacu ya Rutana no muri Ekleziya yacu yose.

Ikarema ni ikiringo co kwitagatifuza mu ngo zacu

7.Bavukanyi nkunda, abarundi barayamaze bati: “izija guhona zihera mu ruhongore”, eka n’izija gukira ntahandi zihera atari aho nyene. Ntidushobora kuvuga ko Ekleziya ikomeye mu gihe cose dufise ingo n’imiryango zigoyagoya canke zahororokewe mu rukundo. Ni naho rero tubwirizwa kubona kumwe, ingene ingo zoba iremezo ry’ubukristu, Ekleziya yo haziko,  zikama zitwararika  ibanga  n’ubutumwa bwazo nkuko Imana yabishatse   (Mt.19,3-9), kandi nkuko vyigishwa na Ekleziya. Nkako nyene “Umukama Yezu Kristu yarahunze imihezagiro urwo rukundo ruserukira mu buryo bwinshi, rukomoka ku rukundo rw’Imana nyene, rukaba rwashushanijwe n’ubumwe Kristu afitaniye na Ekleziya” (G.S.n° 48 §2; A.L. n°62).

8.Turazi ko inkomoko y’urugo ari Imana yaremye umugabo n’umugore ikabacira inzira bazokurikira. Urugo rero si amasezerano y’abantu bo nyene kuko basezeranira mu Mana nkuko yabishinze. Inyigisho dukura mu bitabu vyeranda, duhereye ku bwuzure bwa kera n’ubwuzure bushasha, mbere no mu nyigisho nkuru nkuru Ekleziya yagiye iratanga, biduha gutegera ibanga ry’abubatse be n’ubutumwa bw’Ekleziya mu gufasha ingo kugira iteka,  ubuntu n’ubweranda.

Ingo zugarijwe n’ingorane

9. Ingo zitari nke zirugarijwe n’ingorane nyinshi mur’iki gihe: Ubutore bw’iryo banga ry’ukwabirana ntibusayangana kw’isi yose nkuko bikwiye.

Ariko buratitugwa n’ivy’uguharika, ukwahukana, ukubana ata ndagano (ugucikira n’ugucikiza) be n’ibindi bisa n’ivyo (G.S.n°47§2).  Ngaha iwacu twokwongerako  nk’ubujuju, ubukene n’imigenzo mibi ifatiye kuvya kera, nk’ukuraguza ukwinubana n’ukutaja inama n’ingingo mu rugo, ukutihanganirana ukwahukanira mu nzu, ubuhuni bwenyuje bufatiye kuri vyinshi, uguhemukira ukwemera kw’Ekleziya Gatorika n’ugucikira ayandi madini, ....

10. Ingo zugarijwe n’ingorane zitandukanye rero zirakeneye kwisubirako mur’iki kiringo c’ikarema, umuryango w’abakristu ukaziremesha kandi ukazisabira. Nico gituma mperutse gushinga urwego muri diyoseze ruzokwakira ingo zifise ingorane zidasanzwe mu ntumbero yo kubaba hafi, kubumviriza, kubahanura no kuraba ico Ekleziya yobafasha. Dusavye rero ko  ingo zifise ben’izo ngorane zokwitura Patiri mukuru, nawe abonye bikenewe azishikirize urwo rwego.

Intambamyi z’ihamagarwa mu rugo

11. Nk’uko nabishikirije mu nyigisho yo mu gihe c’ubushikiro bwo 2016, urugo rugumye muri Yezu ni rwo rwama ivyamwa vyinshi, nirwo ruzigama ukwemera n’urukundo, ni rwo rurangwa n’ukwizigira, nirwo ruheza rukaba n’iyogi ry’umuhamagaro w’Imana. Urugo rutagumye kumwe na Yezu rworwo nta co rwishoboza (Jn 15, 5), nta nahamwe rushika kuko umwansi Shetani araheza akarugendera akarutega imitego itandukanye ugasanga rwugarijwe n’amakuba menshi. Ayo makuba araheza akabangamira ukwemera, ukwizigira n’urukundo mu rugo.

12. Aho guhanga amaso Imana yo nsa ikiza, abarugize bakabangikanya gusenga no kwitura ibigirwamana, bimweumwanditsi w’Izaburi atubwira ko bifise umunwa ariko ntibivuge, bifise amaso ariko ntibibone, bifise amatwi ariko ntivyumve, bifise amazuru ariko ntibimoterwe; bifise iminwe ariko ntihagire ico bikorakora, bifise amaguru ariko ntibigendagende, bifise umuhogo udashobora gusohora ijwi(Iz. 115, 5-7). Urugo rwubakiye ku Mana rwo rwizigira Umukama kuko ari we Mutabazi warwo n’inkizo yarwo muri vyose na hose (Iz. 115, 9-15).

13. Ingo zisutse mu ngendo y’ukwishimira ibigirwamana bitandukanye, ziratuma urukundo n’ubumwe hagati y’abasangiye urugo bikeha. Tukaba tuzi yuko ahatagira urukundo hatagira akanyamuneza, ahatagira akanyamuneza naho haduka ibicumuro vy’ubwoko bwinshi. Ivyo bicumuro bikaboha umw’umwe mu bagize urugo. Turashobora kudondagura uburorero bumwe bumwe buturuka kuri ubwo buja bw’igicumuro mu rugo:

a) Ku bagabo,hari ingeso mbi yo guharika, yo kurenga ibigo no kuraraguza, yo gukubita no guturubika umupfasoni bubakanye n’abana badasigaye inyuma, kuborerwa na cane cane za nzoga zigisibije nka kanyanga, umudiringi, umunanasi, n’izindi, ..., gusesagura itunga ry’urugo n’umuryango, kutitaho indero y’abana ku mutima no ku mubiri, guta uwo mwubakanye, n’ayandi mabi ben’ayo.

Mbere ugasanga hari abatacitaba imibano rukristu n’abatagitumbera ingoro y’Imana. Mwebwe ba serugo mwaboshwe n’izo ngeso mbi, ng’iki igihe kirageze c’ukugaruka ku Mana, musubize hamwe na bagenzi banyu, mwisubize iteka, mwibuke amasezerano yanyu, musubize hamwe, mwiyambike iteka ribabereye ry’abavyeyi.

b)Ku bagore, hariho bamwebamwe bakaza urusaku n’ibihuha, ukubura ukutihanganiranira no kutarekuriranira, abagenda buje, abarenga ibigo , ababorerwa, ukutitaho indero y’abana n’isuku mu rugo, kutitwararika ivyo mu rugo, abarondera imihamuro iteye isoni n’ubwoba, nka yose ikaba ikomoka k’uwuganza iyi isi y’umwijima ariwe Shetani n’inteko zayo (1.Jn. 2, 11). Na mwebwe nyene ni mwihanure, mwisubireko, mufate ya ngendo y’abakenyezi beranda  bahayagizwa mu gitabu c’imigani. (Pr.30, 10...)

c) Ku bana n’urwaruka, hari ingeso mbi zokutubaha abavyeyi, kwigenza nabi: kuborerwa, inda z’ishushu, bijana n’ukurondera kuzikoroza, kwirirwa ku marigara, guhunga ibikorwa, ukuyerera, ubuhumbu, .... Ndabahanuye nshimitse rwose guheba izo ngeso mbi zibazingamika mu kwemera kwanyu, zikababuza gukura mugana ca gihagararo c’umuntu abushitse. Iki kiringo c’Ikarema ni kibabere igihe kiroranye c’ukwisubirako ngo mugaruke mu nzira nziza.

14. Kuri bose, umuti wotuma ukwemera kuguma gutera imbere, urukundo narwo rukongerekana, ubweranda bukanyura urugo rwose nta handi abubatse bowukura atari mu kiyago, mu kuganira mu rugo, mu

kugamburukiranira mu Mukama, mu kwiyugururira uwundi ukamubwira ibikugoye, ibikubabaza n’ibikunezera no mu kurekuriranira. Mugabo hejuru y’ivyo vyose ni ugutura Imana urugo n’umuryango mu gisabisho ca misi yose gikorewe hamwe mu rugo[1]. Umuryango mweranda w’i nazareti wame ubabera akarorero muri vyose.

Bavyeyi ntimuheshe kw’ibanga ryanyu ry’ukurera.

15. Bakristu bavukanyi, turabonye ingene imigenzo mu ngo n’imiryango yacu bitituka. Imigenderanire hagati y’abana n’abavyeyi babo  igasubira inyuma ku rugero rw’uko abana batacumvira ngo bagamburukire abavyeyi babo. Abavyeyi bamwebamwe nabo basa n’abatanze imihoho mw’ibanga bajejwe ry’ukurera ibibondo vyabo, na cane cane iyo binjiye mu bihe vy’ubuyabaga, ibiri mu mashure n’abamaze gukura aho usanga umengo umuvyeyi nta jambo afise abwira umwana. Bavyeyi ntimwibagire ibanga ryanyu!

 Bwire abana banyu mutarya umunwa ibishobora kubabangamira no kubabera intambamyi mu buzima bwabo. Bigishe urukundo nyakuri ico ari co, kugira ngo ntibabazimirane mu kwisuka mu biterasoni no mu buhumbu mu biyayuramutwe no mu bundi bukozi bw’ikibi bivuye k’ukutamenya. Bafashe kugira ngo bashobore kumenya gutora ikibakuza mu kwemera kwabo kikabategurira na kazoza keza.

16.Nkuko Kristu yababaye atwitangira, niko n’abavyeyi mutotinya kubabara mu kwemera inkurikizi zijanye n’ibanga ryo kurera ngo abana banyu baronke ubuzima bwuzuye. Igane Bikira Mariya na Yozefu batigeze batinya namba gufata ingingo yo guhungisha Yezu ivyashaka kumubangamira vyose bakemera bagafata inzira batazi, bagenda ijoro, badatinya uburuhe n’izindi ntambamyi z’uruhungo. Bane namwe, ntimutinye kubabara mu kwemera inkurikizi zijanye no kurerwa, mu kwihanganira ababarera babaronderera ineza n’ubuzima bwa kazoza bwuzuye umwizero n’ubuhirwe (Jr. 29,11)

17.Nkuko ari intumbero twihaye mur’uyu mwaka, ni mugire ingo zanyu “ishure ry’ugutohoza n’ukwitaba umuhamagaro w’Imana”: mu kwitwararika indero nziza y’abana banyu, muvy’umubiri, mu vy’ubwenge, ugushaka no mu

vy’umutima. Mu gukomeza igisabisho ca minsi yose mu rugo, mugikundishe abana banyu, mubakundishe ubutumwa bw’Ekleziya, haba mu mihari no mu

migwi y’ubutumwa itandukanye, bahakure umutima w’ugufasha abakene n’aboro baherereye mu mubano wanyu, kuko murabizi neza ko “Imana igira aho imaniye”.

18.Basaserdoti, bihebey’Imana, bamenyeshamana, bigisha-barezi, ni mufashe urwaruka guter’imbere mu buzima bwabo, mubarinde imitego yobangamira ubuzima bwabo bw’umutima n’ubw’umubiri. Nk’umwana Yezu i Nazareti, abana bakurane ubwenge n’ubwitonzi, igihagararo n’ubwiza mu maso y’Imana n’abantu: “Yezu arakura, akurana ubwitonzi, igihagararo n’ubwiza mu maso y’Imana n’ay’abantu” (Lk.2,52).

Inyifato yacu mur’iki gihe turimwo

19. Bakristu bavukanyi mwese, na cane cane mwebwe rwaruka, ndabasaba ko mwokwama mwitwararika ineza ya bose, ineza y’umuryango wacu. Mubane neza na bose, mwumvikana, mushire hamwe, umwe wese yitwararike ineza ya mugenziwe. Ni navyo Paulo mweranda aduhanura aho agir’ati: “ Ni munyuzuze akanyamuneza  mu kwamana umutima umwe, mugasangira urukundo, mugahuza imitima n’inama, ataco mugira mubitumwe n’ishari canke n’ubwishime, ariko mwicishe bugufi, umwe wese akiyumvira yuko mugenziwe amuruta, umwe wese ntiyiyumvire ivyiwe ariko yiyumvire ivy’abandi (Ph.2,2-4).

Nico gituma mwokwama mwitonda, mushira imbere ibanga ryanyu, mugendera akaranga kanyu k’abakristu kabonekera cane cane mu kwemera, ukwizigira n’urukundo. Mwirinde ivyo vyose n’abo bose boza barondera kubacanishamwo canke kubagira ibikoresho vyabo.

20. Umukristu wese ahari, ari mu ntwaro, ari muri politike, ari mu mugambwe narangwe n’ukwemera kwiwe amurikiwe n’umuco w’Ijambo ry’Imana Ekleziya yama itugaburira. Imvugo yiwe, amajambo yiwe azirane no gutukana, gurtyoza abandi, kubacira rubi na cane cane abo badahuje ivyiyumviro kuko afise ubutumwa bw’ukwuzura n’Imana, akuzura na benewabo nkuko biri mu mutwe w’iyi nyigisho.

Bakristu muri mu nzego zitandukanye, mu migambwe no mu mashirahamwe atandukanye, iki gihe c’ikarema ni kibabere na mwebwe nyene akaryo ko kwisubirako, murangwe n’inyifato y’abana b’Imana, abana b’umuco kugira ngo babonye ibikorwa vyanyu vyiza baninahaze So wanyu ahangamye mw’ijuru (Mt.5,16).

Gusozera

21. Bavukanyi, twugururire Yezu Kristu amarembo y’imitima yacu, duhinduke, duhindure ingendo, twigarure twemere Inkuru nziza. Ni dukengurukire Imana yo yama idutegekaniriza uyu mwanya mwiza w’ugusubiza hamwe nayo hamwe na benewacu, mu ngo zacu, mu mibano yacu, eka no mu buzima bwacu nyene, maze umw’umwe wese akagenda agana ca gihagararo c’umuntu abushitse, yahindutse arondera gusa na Yezu Umweranda w’Imana (Eph.4, 24). “Ko mwazutse kumwe na Kristu rondera ivyiza vy’ijuru” (Col.3,1). Ndangije ndabasaba gusabira amahoro ingo n’imiryango yacu, intara n’igihugu cacu, eka mbere n’isi yose,  bihinduke, birangwe n’urukundo, umuvukano n’ubutungane. Ndabahezagiye mwebwe gihugu c’Imana ca Diyoseze ya Rutana, kw’izina rya Data, n’irya Mwana, n’irya Mutima Mweranda. Amen.

 

Bigiriwe mu Rutana ku wa 25 Nzero 2018
Musenyeri Bonaventure NAHIMANA
Umwungere wa Diyoseze ya Rutana

 

 

 

IBIBAZO VYO MU MIGWI:

     1. Ingo zanyu mubona vyukuri ari ishure ry’ugutohoza n’ukwitaba

        umuhamagaro w’Imana? -Dondagura ibivyerekana

-           Ni ibihe bikorwa biboneka muriko murakora ngo mushigikire ihamagarwa

2. a) Mbega aho mu mibano iwanyu n’ibiki vyerekana ingo

           zigendera ibanga?

b) Dondagura ivyerekana ingo ziri mu ngorane?

c) None izo ngo ziri mu ngorane n’ibihe bikorwa biboneka mukora ngo muzifashe?

3. Aho mu ngo iwanyu, mu mibano iwanyu, mukor’iki ngo mushigikire ibanga ryo kwiheberimana?

4. Mbega indero y’urwaruka aho iwanyu mubona yifashe gute?

Hokorwa iki ngo abana n’urwaruka bakure bigana akarorero ka Yezu?

 

 


[1]Raba inyigisho y’Ubushikiro 2016

 

Mgr Bonaventure NAHIMANA
Eveque de RUTANA 
B.P: 45 RUTANA-BURUNDI 
Tel: 00257 7947735
        25722 505118
Mail: nabimanah@yahoo.fr
        info@diocese-rutana.bi

        
 

Back to Top