- Twihweje inomero 1222, §2 yo mu gitabu c’amategeko y’Ekleziya ,
- Tumaze kwumva iciyumviro c’inama y’Abasaserdoti ba Diyoseze Rutana,
- Tumaze kubona ko iyo nyubakwa yofasha paruwase mu bundi butumwa
- Tumaze kwumva iciyumviro c’abakristu ba paruwase kiguhu,
- Tumaze kubona ko Ingoro y’Imana nshasha yuguruwe,
Jewe Musenyeri Bonaventura NAHIMANA, Umwungere wa Diyoseze ya Rutana, paruwase ya Kiguhu ikaba isanzwe irimwo, nshinze ibi bikurikira:
Ingingo ya 1: Ndemeje icese ko umuhezagiro uvuye kur’iyi nyubakwa
abakristu bahora basengeramwo, kugira bashobore
kuyikoreramwo ubundi butumwa.
ngingo ya 2: Kuva kur’uyu munsi igenekerezo rya 27/1/2018, iyo
nyubakwa iratakaje umuhezagiro w’ ingoro
y’Imana, kuv’ubu ni inyubakwa isanzwe.
Ingingo ya 3: Ariko rero, nkuko Itegeko ry’Ekleziya inimero 1223 §2
ribivuga, iyo nyubakwa ntishobora kuba inzu
y’ugutambiramwo, ukudandarizamwo, inzu y’uburiro
n’ibindi ben’ivyo.
Ingingo ya 4: Ariko kandi iyo nyubakwa irashobora gukoreshwa
nk’ububiko bw’ibikoresho vy’amasabamana, inzu
y’amanama y’ubutumwa bwa paruwase nkuko igisata
ca Papa kijejwe ubutumwa bw’amasabamana kibivuga
mw’ikete ryo kuwa 5/munyonyo mu mwaka w’1987.
Ingingo ya 5: Abakoresha iyo nyubakwa bame bibuka ko yigeze kuba
ihezagiye nk’Ingoro y’Imana.
Ingingo ya 6: Ibindi vyose bihushanye n’iri tegeko birahagaritswe.
Musenyeri Bonaventura NAHIMANA
Umwungere wa Diyoseze Rutana
- Log in to post comments