ITEGEKO RITANGA UBUBASHA BW’UGUKORESH’UKUNDI INYUBAKWA YAHORA ARI INGORO Y’IMANA YA PARUWASE KIGUHU

  • Twihweje inomero 1222, §2 yo mu gitabu c’amategeko  y’Ekleziya ,
  • Tumaze kwumva iciyumviro c’inama y’Abasaserdoti ba Diyoseze Rutana,
  • Tumaze kubona ko iyo nyubakwa yofasha paruwase mu bundi butumwa
  • Tumaze kwumva iciyumviro c’abakristu ba paruwase kiguhu,
  • Tumaze kubona ko Ingoro y’Imana nshasha yuguruwe,

Jewe Musenyeri Bonaventura NAHIMANA, Umwungere wa Diyoseze ya Rutana, paruwase ya Kiguhu ikaba isanzwe irimwo,  nshinze ibi bikurikira:

Ingingo ya 1: Ndemeje icese ko umuhezagiro uvuye kur’iyi nyubakwa
                      abakristu bahora basengeramwo, kugira bashobore
                       kuyikoreramwo ubundi butumwa.

ngingo ya 2: Kuva kur’uyu munsi igenekerezo rya 27/1/2018, iyo
                    nyubakwa iratakaje umuhezagiro w’ ingoro
                     y’Imana, kuv’ubu ni inyubakwa isanzwe.

Ingingo ya 3: Ariko rero, nkuko Itegeko ry’Ekleziya inimero 1223 §2
                      ribivuga, iyo nyubakwa ntishobora kuba inzu
                      y’ugutambiramwo, ukudandarizamwo, inzu y’uburiro
                      n’ibindi ben’ivyo.

Ingingo ya 4: Ariko kandi  iyo nyubakwa irashobora gukoreshwa
                     nk’ububiko bw’ibikoresho vy’amasabamana, inzu
                      y’amanama y’ubutumwa bwa paruwase nkuko igisata
                       ca Papa kijejwe ubutumwa bw’amasabamana kibivuga
                         mw’ikete ryo kuwa 5/munyonyo mu mwaka w’1987.

Ingingo ya 5: Abakoresha iyo nyubakwa bame bibuka ko yigeze kuba
                      ihezagiye nk’Ingoro y’Imana.
                        Ingingo ya 6: Ibindi vyose bihushanye n’iri tegeko birahagaritswe.

                                                      Musenyeri  Bonaventura NAHIMANA
Umwungere wa Diyoseze Rutana

 

Mgr Bonaventure NAHIMANA
Eveque de RUTANA 
B.P: 45 RUTANA-BURUNDI 
Tel: 00257 7947735
        25722 505118
Mail: nabimanah@yahoo.fr
        info@diocese-rutana.bi

        
 

Back to Top