Tereza Mweranda W' UMWANA YEZU mu bisigi vyiwe YARAgendeYE Diyosezi ya Rutana

Inama y'Abepiskopi Gatolika  yarasavye ko Tereza w'Umwana Yezu yogendera Ekleziya y'Uburundi. None guhera igenekerezo rya 8 gushika ku rya 12 z'ukwezi kw'umunani niho yari aramutse agendera Diyosezi yacu. Tereza yakiririwe icese ku kirimba ca Diyosezi mw'isengero nkuru ya Diyosezi Paruwase Katedrale ya Rutana.

None Tereza yazaniye iki Ekleziya y'Uburundi muri rusangi kandi yazaniye iki Umuryango w'abakristu ba Diyosezi ya Rutana kuburyo yisangije?

Nivyo tugira tugerageze kwishura mu kurabira hamwe uko vyagenze mu ncamake mu maparuwase ane yari yatowe mu yandi ngo yakire Tereza mu bisigi vyiwe. Ijambo nyamukuru rya Tereza ni ugukiza imitima agira : "Ego cane no mw'ijuru sinzoruhuka nzoguma nkora ivyiza kw'isi gushika aho bose barokoka". Mu gutembereza ibisigi vya Tereza Ekleziya ishaka kurangura icipfuzo ca Tereza c’uko bose borokoka. Imana yaramuteye iryo teka irumvira igisabisho ciwe ngo ashobore kuguma afasha abantu guhinduka no kwishikana k'urukundo kigongwe.

None uwo Tereza ninde yabayeho gute kandi yamariye iki umuryango w'abakristu n'isi yose?

Tereza mweranda bakunda kwita Tereza mutoyi muri Karmeli yavukiye mu gihugu c’Ubufaransa kw’itariki 2  Nzero mu 1873. Yavukiye mu muryango ukunda gusenga, avuka yitezwe, akundwa. Yavutse agira icenda mu muryango yasanzemwo abavukanyi bane n’abandi bane bapfuye bakiri bato. Ivyo vyose vyarafashije Tereza vyongera bimubera icirwa mu nzira yiwe ngufi yo gushikira ubweranda.

Se wiwe yitwa Ludoviko Martino yavukiye i Bordo mu 1823, yitaba Imana mu 1894 i Lisiye; umwuga wiwe wari uwo gukora amasaha. Nyina wiwe Zeliya Mariya yavukiye i Gandele mu 1831 apfira i Alanso mu 1877. Uyu Zeliya Mariya yakora ibidanteri. Yakoresha abakozi benshi muri iryo hinguriro ryiwe. Bompi rero bari bafise ubuzima bwiza, kandi barubaha Imana. Ludoviko yari yaripfuje kwihebera Imana mu muryango bita Abashanwane ba Berenarudo mweranda.Yagize ingorane z’ukutamenya ikiratini. Zeliya na we nyene yari yaripfuje kwihebera Imana mu muryango mukuruwe Mariya Luwiza yarimwo

Tereza yakuriye mu muryango w'abakristu b’abagatolika basenga cane, baja mu Nkuka ya misa imisi yose mu gitondo, bakunda ukwisonzesha bakubahiriza amasabamana y'umwaka wa liturujiya. Umuryango wa Maritino warangwa n'urukundo no kwitaho abashonje, bakagendera abarwaye, abatama n'abatamakazi. Tereza yarakiriye neza indero mu muryango.Yaranezereza abandi canecane akarondera kunezereza Yezu. Yarashobora kuguma arajwe ishinga no kumenya niba yoba anezereza Yezu. Umusi umwe vyarashitse naho yipfuriza mama wiwe ko yopfa: «Ewe mawe icompa ugapfa!»  Maze nyina wiwe amushavuriye araheza yisigura avuga ati: «Ndabikwipfuriza gupfa kugira ngo ugende mw'ijuru. Ntiwama umbarira ko uwuja mw'ijuru abanza gupfa ?»[1]

Yitavye Imana ku wa 28 Myandagaro 1877 amaze imisi myinshi mu bubabare bwo ku mpfiro. Tereza yabuze umuvyeyi wiwe akunda cane amaze imyaka ine gusa; maze bimutera intuntu nyinshi mbere biranamukomeretsa.

Guhera ku 29 Nyakanga, niho ububabare bujanye no gusambagirika bwatangura akikijwe n'ababikira bamuremesha. Mama Mariya wa Gonzage mu kumuremesha yamubwira ko yamye yicisha bugufi, ko yamaze kwitegurira urwo rugendo, amara umwanya munini ariko ariyumvira araheza avuga ati: « Ego umengo sinigeze mpengeshanya kurondera ukuri; ego narategereye uguca bugufi k'umutima...[2]»

Amajambo yanyuma yavuze aratwereka ko vy'ukuri yari yizigiye akanyamuneza kadatyoye. «Ese ingene ndamukunda!... Mana yanje... ndagukunda...[3]»

Uko babitubwira ababikira bari bamuri iruhande bavuga ko yamaze umwanya munini ameze nk'uwatwawe mu gisabisho imbere y'uko acikana. Ariko mw'ikete yandikiye musazawe Beliyere yamusezeye avuga ati: « Simpfuye ninjiye mu buzima [4]»Yitavye Imana mu kamotera k’ubweranda aja kwegera uwo yakunze agakundisha mbere ni nawe azoguma akundisha mu gukora ineza kw'isi nk'uko yavyiyemereye. Yari ashikanye imyaka 24 y'amavuka, n’imyaka icenda mu buzima bwihevyi.

Tereza w'Umwana Yezu mweranda yashizwe mu bahimbazwa igenekerezo rya 29 Ndamukiza 1923. Yashizwe mu beranda igenekerezo rya 17 Rusama  1925 na nyen'ubweranda  papa Piyo w'11.

Mu 1927 yagizwe umuvunyi w'abamisiyonari.

Igenekerezo rya 19 Gitugutu 1997 yagizwe umwigisha w'Ekleziya  na Papa Yohani Pawulo wa kabiri mweranda.

Intumbero yo kugendera isi yose ni icipfuzo ciwe kandi yari  yasavye  Imana.

Igihe rero yagendera Diyosezi yacu mu bisigi vyiwe, ico twihutiye kubwira abakristu ni ubuzima bwiwe n'inyigisho ziwe zishimikiye ku kayira k'indaso karangwa n'Urukundo ukwicisha bugufi, ubworo umwizero no kwiyegurira Imana Rukundo-Kigongwe (Abandon dans les mains de Dieu Amour Miséricordieux)

Abakristu baravyitavye rwose, uhereye uko twamwakiriye ku murwa mukuru wa Diyosezi abantu isinzi bakamusanganira ndetse mbere bagasohora n'ingoma bakazimuvugiriza. Hose rero ijambo ry'ikaze ryari: Kaze Tereza kugira ngo Imana itugendere iguciyeko, kaze utwigishe urukundo wakunze Yezu n'abo yacunguye, kaze Tereza ushinge umusaraba wa Yezu-Kristu hano muri Paruwase yacu no mu mibano yacu, kaze maze icipfuzo cawe kiranguke co gukora ivyiza kw'isi, kaze uzane imvura y'amaroza maze twese duce mu nzira y'ukwemera ukwizigira n'urukundo. Kaze utwigishe gushikira ubweranda muri ka kayira kawe koroshe kandi karashe ka hafi.

Twashoboye kwunamira Tereza turamutura ibibazo vyi’imiryango yacu cane cane tumusaba ngo atwigishe guca mu nzira yaga yaciyemwo.

Ihangiro yamukuru rya Tereza w'Umwana Yezu mweranda wo mu Maso heranda, ni ugukora gushika aho bose barokoka.

Mu maparuwase Tereza yagendeye yose twaragabanye inema n'imihezagiro. Umusi wa nyuma wabaye uwakaroruhore kandi utangaje. Muti vyagenze gute?

Hari ku wa 12 Myandagaro turiko turasezera umushitsi w'iteke Tereza w'Umwana Yezu mweranda turiko turamuhereza Diyosezi nkuru ya Gitega. Umuduga wunguruza abantu bita ihiyasi yarahonyanze abantu ku buryo buteye ubwoba abari ngaho bazi ko abantu bahonye. Ni vyo abantu benshi barakomeretse ariko Imana yaradufashije nta muntu yitavye Imana.

Umwungere wa Diyoseze ya Gitega yumvise ivyari bihejeje kuba yaciye aza yihuta atiriwe arashika n’i muhira kwifatanya na mugenziwe wa Diyoseze ya Rutana mu ntumbero yo kumuremesha no kuremesha abakristu bose bari aho mu bihe bitari vyoroshe barimwo. Ntivyari mu nteguro yiwe kuko yari avuye mu bundi butumwa yiriwemwo muri paruwase ya Buhoro aho bari baramukanye Yubile.

Twese twarabonye ko Tereza Mweranda yadukingiye iyo mpanuka. Turakenguruka rwose.

Père Jean Marie Vianney SAKUBU, ocd

 

 


[1]A4 inyuma.

[2]Amajambo ya Tereza yanyuma.

[3]Amajambo ya nyuma ya Tereza 30 Nyakanga 1897.

[4]Ikete yandikiye Patiri Beliyere 9/6/1897.

 

Mgr Bonaventure NAHIMANA
Eveque de RUTANA 
B.P: 45 RUTANA-BURUNDI 
Tel: 00257 7947735
        25722 505118
Mail: nabimanah@yahoo.fr
        info@diocese-rutana.bi

        
 

Back to Top