IBIBAZO BITEGURA INAMA NSANGIZANGENDO Y’ABEPISKOPI

Icivugo: “KUGIRA NGO HABE EKLEZIYA IRANGWA N’UKUJA INAMA NSANGIZANGENDO: ISANGIRA MUTIMA, UKUGIRA URUHARA MU MURYANGO N’UBUTUMWA.”

I.INTANGAMARARA

Nkuko tugize imisi tubimenyeshwa mu matangazo, ca gihe kiroranye c’uko uwabatijwe wese yogira ico ashikirije mu nama nsangizangendo cashitse. Icipfuzo ca Papa Fransisiko ni uko abungere, abasaserdoti, abihebeyimana, abakristu balayike, igihugu c’Imana cose ata n’umwe avuyemwo, bose bagira uruhara muri iyi nama nsangizangendo. Na kare dusangiye umuryango, dusangiye urugendo rutujana mw’ijuru kubw’ukwemera kumwe, ibatisimu imwe na Mutima umwe atugenza akatubeshaho.

Kuva Diyoseze yacu itangura kuja inama nsangizangendo ni ihangiro twihaye mu ntumbero yo kwubaka, gukuza no gukomeza umuryango wacu. Ivyo biragaragarira mu ngingo ngenderwako y’imyaka itanu ya mbere y’ubutumwa yagira iti: “Twese hamwe duhagurukire kwubaka umuryango mushasha wa Diyoseze Rutana.” Mbere n’akanyamakuru ka Diyoseze yacu gasohoka uko amezi atatu atashe kitwa “Twese hamwe” (Tous ensemble, mu gifaransa, Simul Omnes mu kilatini).

Kugira ngo twifatanye na Ekleziya ikwiye kw’isi yose mu bikorwa vy’inama nsangizangendo, umugwi wa Diyoseze ushinzwe ibikorwa vy’iyo nama urabarungikiye ibibazo vyateguwe n’urwego rw’ubunyabanga bukuru bw’inama nsangizangendo y’abepiscopi. Duhamagariwe kwicara tukabizirikana hanyuma tugatanga inyishu tumurikiwe na Mutima Mweranda. Umwe wese atumiriwe kwumviriza ico Mutima amubwira kugira ngo agisabikanye n’abandi adatinya. Na kare Mutima twahawe si Mutima w’ubwoba. Iki kiringo kitubere akaryo keza k’uko umwe wese yumviriza uwundi muri Mutima Mweranda.”

II. IBIBAZO

1.Abasangiye urugendo

Ni bande bagize umuryango wa Diyoseze kandi basangiye urugendo? Mubona hari aboba bakumirwa canke bikumira muri urwo rugendo?

1.Kwumviriza

Ko tubwirizwa gusangira ingendo mu ngo, mu mibano no mu mirwi yose y’ubutumwa, turumvirizanya bishemeye tukakirana ata kunebangurana canke guciranira imanza?

2.Gufata ijambo

Mu mibano, mu mirwi y’ubutumwa no mu buzima bwa minsi yose dushigikira gute igikorwa co guhanahana ijambo mu rukundo, ukuri n’umwidegemvyo? Mu kibano, mu mibano, mu ngo no mu mirwi y’ubutumwa, ikitubakiye tugishikiriza gute? Hariho ikibanza co kugishikirizamwo?

3.Guhimbaza

Nta gusangira ingendo nk’umuryango bishoboka tutamurikiwe n’Ijambo ry’Imana risabikanijwe kandi tutagaburiwe na Ukaristiya Nyeranda. None dusabikanya gute Ijambo ry’Imana? Turahimbazanya akanyamuneza Ukaristiya? Hari ivyamwa bigaragara bikomoka kuri uko gusabikanya Ijambo ry’Imana n’uguhimbaza Ukaristiya?

4.Gusangira uruhara mu butumwa

Isangirangendo rihamagarira abanyamuryango bose kugira uruhara ruboneka mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza. None ababatijwe twese turamaze gutegera ko kumenyesha no gushigikira ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru nziza ari ubwacu? N’ibiki bivyerekana? Nta ba sindabibazwa bariho mu muryango?

5.Kuganira muri Ekleziya no mu gihugu

Nta gusangiringendo bishoboka ata kiyago hagati y’abasangiye umuryango. None mu ngo, mu mibano, mu mirwi y’ubutumwa, mu bisata no muri paruwasi turasangira ikiyago koko? Gute?

Iyo hadutse kutabona kumwe ibintu, amatati, ingorane, tubitorera umuti gute? Abashobora kubidufashamwo ni bande?

6.Kuganira n’amadini yemera Kristu

Ikiganiro hagati y’abakristu bahurikiye mu madini atandukanye bahuzwa n’ibatisimu imwe gifise ikibanza kidasanzwe muri iyo nzira nsangizangendo. Imigenderanire dufitaniye n’abakristu bo mu yandi madini imeze gute? Hari intambamyi zoba zibonekeza muri iyo migenderanire?

7.Ubukuru n’ukugira uruhara mu muryango

Muri Ekleziya nsangizangendo, umunyamuryango wese abwirizwa kugira uruhara mu butumwa no mu bikorwa biboneka mbere akanaserukirwa mu burongozi butandukanye. None inyifato ibereye yoba iyihe ku basaserdoti barongoye amaparuwasi canke bajejwe ubundi butumwa, abamenyeshamana barongoye ibisata, abarongoye imibano n’iyindi mirwi y’ubutumwa? Mubona abakristu balayike, abagabo, abagore, urwaruka baserukiwe bishemeye muri Diyoseze yacu?

8.Kwihweza no gufata ingingo

Muri Diyoseze ntitwoshika ku nyifato idusangiza ingendo tutamurikiwe na Mutima Mweranda. None ingingo dufata mu miryango, mu buzima no mu butumwa bwacu bwose turambaza kandi tukagamburukira Mutima Mweranda? Tugenzwa gute na Mutima? Atubeshaho gute?

9.Kwigishwa n’ingendo nsangizangendo

Intumbero nsangizangendo ibwirizwa kwama iranga umuryango wa Diyoseze yacu. Umuvyeyi wacu Papa Francisco avuga ko “inzira y’ukuja inama nsangizangendo ariyo nzira Imana yiteze kuri Ekleziya y’ibihe tugezemwo”. None hokorwa iki kugira ngo iyo ngendo yo gusangira ijambo, kwumvirizanya, kugira uruhara mu muryango, isangiramutima n’isangirabutumwa izokwame iranga abagize umuryango wa Diyoseze yacu?

 

III.UBURYO IBIBAZO BIZOKWISHURWA N’INGENE IVYEGERANYO      BIZOTANGWA

 

1.Abasaserdoti bazotora imirwi mikuru mikuru itanu kuri buri gisata.

Iyi mirwi ikurikira ntiyohara kubera ihuza abakristu benshi:

a. Imibano rukristu

b. Imihari y’urwaruka

c. Abaririmbiramana

d. Abarongoye abandi(abamenyeshamana, abashingwamuryango, abarongoye ama commissions, …)

e. Abasaserdoti n’abihebeyimana.

2.  Barashobora guha ibi bibazo n’iyindi mirwi babona yogira ico iterereye (abakristu bihagaritse amasakramentu, abo mu yandi madini, abapfakazi, abafunzwe, abatwa…).

3.  Abasaserdoti bazogaburira ibibazo iyo mirwi umurwi wose wige ibibazo bibiri. Ariko imirwi imwe imwe nk’abasaserdoti, abihebeyimana abamenyeshamana bobiganirako vyose.

4.  Ibibazo bigishitse muri paruwase hotunganywa inama y’abaserukira abandi bakabasigurira ibijanye n’inama nsangizangendo bakagirira hamwe n’ikirangaminsi co kubiganirako.

5.  Hoba umunsi wa mbere wo guhurira mu mirwi itandukanye hakaba guhanahana ivyiyumviro kuri ivyo bibazo.

6. Umunsi w’amafungo ku gisata (umunsi ugira kabiri) bose bazohurira hamwe bagirire icegeranyo hamwe, uwuserukira buri murwi azane icegeranyo canditse hama asomere bose ivyiyumviro bikuru bikuru bashikirije.

7. Ku gisata hazoca hava icegeranyo kimwe kizoshikirizwa paruwase hisunzwe ikirangaminsi c’inama nsangizangendo(ntibikenewe gushiramwo ngo iki cavuzwe n’umurwi kanaka).

8. Kuri paruwase naho nyene icegeranyo kizokorwa muri ubwo buryo. Uwuserukira igisata azozana icegeranyo canditse hanyuma avuge icegeranyo yagize. Umwanditsi w’inama nsangizangendo kuri paruwase azoba ariko aragira icegeranyo kimwe ku kibazo kimwe kimwe. Ico cegeranyo nico kizoca kirungikwa mu biro ntunganyabutumwa vya Diyoseze.

 

N.B: Icegeranyo, haba ku murwi, ku gisata canke kuri paroisse nticorenza impapuro icumi. 

 

Mgr Bonaventure NAHIMANA
Eveque de RUTANA 
B.P: 45 RUTANA-BURUNDI 
Tel: 00257 7947735
        25722 505118
Mail: nabimanah@yahoo.fr
        info@diocese-rutana.bi

        
 

Back to Top