UBUTUMWA BW’ABAMISIYONARI B’IKIGONGWE C’IMANA BURABANDANYA

Papa Fransisiko yarongeye ikiringo abamisiyonari b’ikigongwe c’Imana. Tukaba tuzi ko mu Burundi bwose, dufise Umumisiyonari w’ikigongwe c’Imana umwe gusa. Nawe ni Patiri Yohani Berekimansi MANIRAMBONA, umusaserdoti wo muri Diyoseze ya Rutana. Kugira ngo turonke inkuru y’imvaho, igisata co kumenyesha amakuru muri Diyoseze Rutana caregereye Patiri Yohani Berekimansi (PJB) kugira ngo kimubaze ibijanye n’ubwo butumwa. Ibibazo vyabajijwe na Mama Denisa NIYUNGEKO (MDN), arongoye igisata co kumenyesha amakuru muri Diyoseze, akaba ari n’umunyabanga mu Biro bijejwe Ubutumwa muri Diyoseze Rutana.

MDN :Nyakwubahwa Patiri, mu mwaka wa Yubile y’ikigongwe c’Imana wari wahawe na Nyen’Ubweranda Papa Fransisiko ubutumwa bw’ukuba umu-misiyonari w’ikigongwe c’Imana. Mbega ubwo butumwa burabandanya canke bwaheranye n’isozerwa ry’umwaka wa yubile ?

PJB: Urakoze cane kumbaza ico kibazo. Nagomba ndakumenyeshe yuko kuva igenekerezo rya 8 ndamukiza 2018, umuvyeyi wacu Papa Fransisiko yari yadutumyeko kugirango atumenyeshe inyishu y’ico kibazo nawe wabajije. Abivuga mu kiganiro yagiranye natwe igenekerezo rya 10/4/2018. Avuga ati : 

« Nkuko mubizi neza ubutumwa bwanyu bwari gusozerwa igihe basozera Yubile idasanzwe y’Ikigongwe c’Imana. Mugabo nzirikanye igikorwa gihimbaye kandi gihambaye mwaranguye muri Ekleziya, n’iciza mwashikirije abemera batari bake biciye mu nyigisho zanyu, mugabo na cane cane biciye mw’Isakramentu ry’ikigongwe, nasanze bikwiye ko ubutumwa nabashinze bwoba burabandanya gushika tubishinze ukundi».

Abandanya agira ati :

« Nararonse abakristu benshi bashinga intahe yuko babohotse bagahinduka bafashijwe n’ubwo butumwa bwanyu. Mwebwe nyene mwaravyiboneye. Dutegerezwa kwemera ko ikigongwe c’Imana kitagira imbibe, kitagira uruzitiro. Mwebwe nyene muri ibimenyetso bizima vyerekana ko Ekleziya itarota ishinga imbibe canke inzitiro zohava zibuza abantu gushikira ikigongwe ca Data. Murazi neza yuko wa mwana w’igishushungwe, imbere y’uko se amwakira atabwirijwe guca kuri « douane », yakiriwe na se ata ruzitiro rubatandukanije ».

Uca wumva rero umwitwarariko Papa Fransisiko afitiye abemera bose, na cane cane abacumuzi barondera kubohoka. Kumwe nyene Data abishaka, na Papa ashaka ko zina kiremwa muntu cose, gishikira urukiza rw’Imana (1Tm.2,4).

MDN: Egome turumvise ko ubwo butumwa bubandanya. None wotubwira muri make ingene bugiye kubandanya ?

PJB :Ego cane. Mu rwandiko ruherekeza ikete ritumenyesha ko ubutumwa bubandanya niho Papa avuga ati:

“Nkuko vyari bimeze mu gihe ca yubire, no mur’iki kiringo gishasha, ndagusavye uzokwitabe akamo uzoterwa n’abasaserdoti barongoye amaparuwase, abarongoye ibigo vyo gusengeramwo no kwinaguriramwo (Sanctuaires), n’Abepiskopi barongoye amadiyoseze. Uzofasha mu gukangurira abakristu kuzirikana ubwiza bw’ikigongwe c’Imana, na cane cane mu kuba hafi y’abakeneye isakramentu ry’ ikigongwe, no mu gutanga inyigisho zijanye n’ibinyegezwa vy’ikigongwe c’Imana. Bizoba bikenewe cane cane mu bihe bihambaye vy’umwaka wa Liturgia (Ubushikiro, Noheli, Ikarema na Pasika).

Papa abandanya agira ati:

“Nawe nyene ndagusavye uzoheze ugire uruhara runini mu kwama wibutsa ko ibihe ben’ivyo vyotunganywa ngo bironkere akamaro abakristu”.

MDN: Urakoze cane Musaserdoti w’Umukama. Mbega ko hari ibicumuro mwaronkeye ububasha wobitwibutsa. Kugira ngo abavyibagiye n’abatabizi bamenyereho ivy’ari vyo?

PJB:Ego cane. Ni ibicumuro mu bisanzwe birekurwa na Papa gusa, canke uwo yahaye ubwo bubasha. N’ubu nyene nishimikiza rwa rwandiko rwa Papa kuko muri rwo natwe nyene yarasubiye kutwibutsa muri make ivyo bicumuro:

  1. Guhumanya hostiya nyeranda, mu kutazisonera, mu kuziba canke mu kuzitunga ngo, zikoreshwe mu migirwa ihumanye (sacrilèges)
  2. Ugukubagura Papa, umwungere wa Diyoseze ya Roma n’umuvyeyi wa Ekleziya yose
  3. Ukwiregesha uwo mwasangiye icaha c’ubusambanyi
  4. Kumena ibanga ryo mu cemerezo
  5. Gufata (enregistrer) canke gukwiragiza (diffuser) ibanga ryo mu cemerezo, ukoresheje bwa buhinga bwa none bwo gukwiragiza amakuru.

MDN:Urakoze cane Pati. Umukama aguherekeze muri ubwo butumwa.

PJB: Ndagukengurukiye nanje.

Back to Top